• IMPUNZI NI ABANTU NK-ABANDI BAKWIYE KWUBAHWA
    Jun 7 2026
    Kaze mu kiganiro Wiriwe Maine co kuri uyu wa Mungu igenekerezo rya 7 ukwezi kwa gatandatu umwaka wa 2026. Muri kino kiganiro twabazaniye umupfasoni Marguerite Barankitse, Umurundikazi azwi cane ku mazina y'ubuhizi nka OMA canke Maggy. Kuwa 17 ukwezi kwa gatanu guheze, yaronkejwe impamyabushobozi y'ubunyacubahiro na Kaminuza y-Abakatolika yitwa Notre Dame yo mu muji wa South Bend muri Reta ya Indiana, muri Amerika. Ni kimwe mu bigo vya kaminuza bikomeye cane muri Amerika. Marguerite Barankitse yahunze igihugu ciwe muri 2015 mbere akaba aronderwa n'ubutungane bw-Uburundi bwamuciriye uwo guherayo adahari bumaze kumunyaga ivyiwe vyose, yemeza ko ataco bimutwaye. Gusa aremeza ko kubaho atagira igihugu ari ikintu kibi, atari kuri we gusa ahubwo kuri buri kiremwa muntu.

    Muri kino kiganiro na Eloge Willy Kaneza yamusanze kuri Notre Dame, arashimangira ikintu muri kino gihe gihanze canke cugarije isi: ugukumira abimukira n;impunzi no kubafata bunyamaswa. Agira ati" Impunzi ni Abantu nk-Abandi bakwiye kwubahwa."
    Show More Show Less
    43 mins
  • MARGUERITE BARANKITSE- MERE TEREZA WO MURI AFRIKA
    May 17 2026
    Kuri uyu w'Imana twashimye kongera kugarura ikiganiro twakoranye na Marguerite Barankitse, mu kwezi kwa kane umwaka wa 2025. Uwo mukenyezi w'Umurundikazi yacitse rurangiranwa kubera ibikorwa vy'ubutabazi akora , muri kino gihe cane cane mu gisata co gufasha impunzi, kuri uyu wa Mungu ari mu bantu indwi baronswa impamyabushobozi y'iteka na kaminuza ya Notre Dame yo muri Leta ya Indiana muri Amerika.

    Marguerite Barankitse, azwi nk’Umumarayika w’i Burundi canke Mère Teresa wa Afrika, ni umukenyezi azwi cane mu bikorwa vy’imbabazi no gutabara abatishoboye muri Afrika. Yavutse mu 1957 mu ntara ya Ruyigi, mu buseruko bw’u Burundi. Uwo mugore w’umu Kristu akomoka mu bwoko bw’Abatutsi yahariye ubuzima bwiwe gukingira abana bagizweko ingaruka n’intambara zishingiye ku bwoko n’ivyiyumviro vya poritike mu gihugu ciwe.
    Mu 1993, igihe Uburundi bwadukamwo intambara n’ubwicanyi vyakurikiye iyicwa rya Perezida Melchior Ndadaye, Umuhutu wa mbere yaratowe mu kibanza c’umukuru w’igihugu akicwa inyuma y’amezi atatu gusa atwara, umukenyezi Barankitse yabonye n’amaso yiwe ubwicanyi bwabereye muri diyoseze ya Ruyigi. Yabashije gukiza abana 25 bari bagiye gupfa. Ico gikorwa catanguje Maison Shalom, ikimenyetso c’amahoro no kwiyunga. Mu myaka yose yakurikiye, ico kigo caritayeho, caravuye kandi carigishije abana barenga 47.000, ata gutandukanya ubwoko. Amashure, amavuriro, amazu, n’amashirahamwe yo kwigisha kwiziganiriza vyarubatswe biciye ku buyobozi bwiwe.
    Kubera ibikorwa vyiwe vy’akaroruhore, yarashimiwe n’ibigo mpuzamakungu bitandukanye, harimwo ibi bihembo bikomeye:
    • Agashimwe k’Uburenganzira bwa muntu (Ubufaransa, 1998)
    • Agashimwe k’Amajepfo n’Amajyaruguru k’Inama y’Uburayi (2000)
    • Agashimwe k’Abana bo kw’isi yose (2003)
    • Agashimwe ka Nansen k’impunzi (HCR, 2005)
    • Agashimwe ka Opus (2008)
    • Agashimwe k’ukurwanya amakimbirane – Fondasiyo Chirac (2011)
    • Agashimwe k’Aurora ko Gukangura Ubumuntu (2016)
    Mu 2015, amaze kunegura ikiringo ca gatatu ca Perezida Pierre Nkurunziza, yaciye ahungira hanze. Mu Rwanda ahaba, yagumije ibikorwa vyiwe, ashinga Ikigo c’Umuryango w’Amahoro i Kigali – ahakirirwa, higishirizwamwo kandi havurirwamwo impunzi z’Abarundi.
    Vyongeye, yatanguje Fondasiyo Marguerite Barankitse, igamije guteza imbere impunzi no gushigikira imigambi y’amahoro, ubutungane n’iterambere rirama.Naho hari itegeko mpuzamakungu ryatanzwe ngo atabwe muri yompi n’ubutungane bw’i Burundi, ntivyigeze bimutera ubwoba canke ngo bimuce intege mu migambi n’imigabo vyiwe. Marguerite Barankitse ni ishusho y’icizere ku bantu bariko barababara, kandi ni n’igicapo c’urukundo, ubutungane, ubuntu n’icubahiro muri kubu na kazoza.
    Show More Show Less
    1 hr and 11 mins
  • IBIHUMBI VY'ABANYAMULENGE BAROYE D.C. KWIYAMIRIZA AMABI ABABO BAKORERWA SUD-KIVU
    May 3 2026
    Abanyamulenge baturutse mu ma Reta agera kuri 38 muri Amerika bakondoreye i Washington D.C. ku murwa mukuru wa politike wa Amerika baja kwiyamiriza amabi ababo bakorerwa mu misozi miremire mu ntara ya Kivu y-ubumanuko mu buseruko bwa Republika iharanira demokarasi ya Kongo. Mubaroye D.C. harimwo abaturutse aha muri Maine 236. Iryo koraniro ryari ryahamagawe n-ishirahamwe Mahoro Peace Association. Richard Munyentwari, aheruka gutanga mu mabanga yo guserukira iryo shirahamwe muri Maine akaba yari ahagarariye ibikorwa vy'itsinda ryari rijejwe umutekano kuwa 20 ukwezi kwa kane mu gihe abarenga 3000 bigaragamvya mu mabarabara ya Washington, yaganiriye na Eloge Willy Kaneza muri kino kiganiro maze atwiganira impamvu iyi myiyerekano yatunganijwe, icisiguye hamwe n'umuti abona w'ibibazo vyugarije Abanyamulenge muri Sud-Kivu.
    Show More Show Less
    51 mins
  • KWIBUKA KU NCURO YA 32 JENOCIDE YAKOREWE ABATUTSI-BATES COLLEGE
    Apr 6 2026
    Kaze mu kiganiro " Wiriwe Maine" co kuri uyu wa Mungu igenekerezo rya 5 ukwezi kwa 4 umwaka wa 2026. Muri kino kiganiro, umutumire ni Enathe Muhawenimana. Ni umunyeshure wo muri kaminuza ya " Bates College" mu muji wa Lewiston wo muri Reta ya Maine, mu buraruko bwa Amerika. Uwo mwigeme n'abandi banyeshure uyu mwaka bateguye ibikorwa vyo kwibuka ku ncuro ya 32 jenoside yakorewe Abatutsi mu Rwanda. Aratwiganira icabateye gutunganya ico gikorwa, ubutumwa bagenera abanyamahanga eka n-abanyarwanda cane cane urwaruka ,hatibagiwe abagifise ingengabitekerezo ya jenoside.
    Bane natwe muri kino kiganiro mutegurirwa na Eloge Willy Kaneza.
    Show More Show Less
    51 mins
  • WOMEN TO WOMEN IBIRORI
    Mar 15 2026
    Mu kiganiro Wiriwe Maine co kuri uyu w-Imana itariki ya 15 ukwezi kwa gatatu umwaka wa 2026 tugaruka ku musi mukuru wahariwe ubwigenge bw'abagore cake abakenyezi. Ni umusi mukuru wateguwe n'sihirahamwe ry-Abakenyezi b-Abarundikazi baba muri Leta ya Maine mu buraruko bwa Leta zunze ubumwe za Amerika. Muri kino kiganiro tugaruka kuvyaranze uwo musi hamwe na bimwe mu vyo abagore baganirije Amjambo Africa bashikirije. Mu gihe ukwezi kwa gatatu kose kwitirirwa ukw-Abagore, tubifurije ibihe vyiza mu ngo , mu tuzi, mu miryango no mu kibano. Iki kiganiro mukigezwaho na jewe Eloge Willy Kaneza.
    Show More Show Less
    52 mins
  • INKUNGA UBUKODE- PROSPERITYME
    Feb 22 2026
    Kaze mu kiganiro Wiriwe Maine co kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 22 ukwezi kwa kabiri. Tuvuga ku nkunga itangwa n'ishirahamwe ProsperityME ikaronswa abantu ku giti cabo canke imiryango yagize ibibazo vyo kubura amafaranga yo gukota amazu bitewe n'ibikorwa vy'igipolisi kizwi nka ICE kijejwe ibibazo vy-abimukira .Ico Gipolisi mukwa mbere cafashe abantu bagera kuri 200 muri Leta ya Maine, ivyatumye abenshi batinya kuja ku tuzi bisanga nta bushobozi bwo kuriha amazu bagifise. Muri kino kiganiro, Claude Rwaganje yashinze ProsperityME akaba n'umuyobozi nshingwabikorwa waryo aratwiganira amafaranga atangwa ingunga imwe akaba ari amadolari ya Amerika 300 hamwe n'ibisabwa kugira umuntu yemererwe.

    Show More Show Less
    1 hr and 6 mins
  • ISHIMUTWA MADURO
    Jan 11 2026
    Kaze mu kiganiro Wiriwe Maine co kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 11 ukwezi kwa mbere umwaka wa 2026 akaba ari naco kiganiro ca mbere ca Wiriwe Maine cuguruye uyu mwaka. Tugaruka kw'ishimutwa rya Nicolás Maduro , umukuru w'iihugu ca Venezuela n’umugore we, Cilia Flores. Muri kino kiganiro tubumvisha ico iri shimutwa risobanuye, ingaruka ku migenderanire hagati y'ibihugu vya rutura no ku baturiye isi bose hamwe rero n'ico abantu bokwitega mu misi iri imbere. Umuhinga twaganiriye ni Jean Hakuzimana, ahagarariye umushinga wo gutuza abimukira muri Reta ya
    New Hampshire, yo muri New England, mu majyaruguru y’iburasirazuba bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Iki kiganiro mwagiteguriwe mwongera mukigezwaho na Eloge Willy Kaneza
    Show More Show Less
    45 mins
  • INTAMBARA ZIRAKOMEZA MURI RDC -UBUSHOBOZI BWA M23
    Dec 21 2025
    Mu gihe Leta zunze ubumwe za Amerika zikomeje kwagiriza u Rwanda gufasha no gushigikira muvya gisirikare hamwe na politike umurwi wa M23 urwanira mu buseruko bwa Republika iharanira demokarasi ya Kongo, uwo muhari nawo ubandanya kwigarurira uduce dutandukanye harimwo utwimbukamwo ubutare bwinshi mbere bunakoreshwa cane na Amerika ubwayo mu buhinga bwa none. Ivyo bikaba mu gihe Uburundi n'u Rwanda vyagirizanya ugusotorana hamwe n'ukutubahiriza amasezerano yasinyiwe i Washington kuwa 4 ukwa 12 uyu mwaka. Muri kino kiganiro twatumiye umumenyeshamakuru Pierre Claver Niyonkuru akorera Amjambo Afrika akaba amaze imyaka irenga 12 akorera ku bibazo vya Afrika y'ibiyaga binini , amakambi y'impunzi, akaba ari no mw'ishirahamwe ry'abamenyeshamakuru bakora ku bibazo vy'ubutungane bw'inyuma y'intambara.
    Show More Show Less
    1 hr and 1 min